Uko wahagera

USA: Ibiganiro Bidaheza ni wo Muti ku Burundi


Thomas Perriello

Thomas Perriello

Intumwa idasanzwe ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini Tom Perriello yavuze ko amaso y’isi yose ubu ari ku Burundi bitewe n’uko ingorane z’u Burundi zibandanya kwiyongera ibintu bikunyuka.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Eloge Willy Kaneza yakurikiranye ikiganiro bwana Perriello yagiranye n'abanyamakuru kuwa kabiri i Bujumbura.

Ari mu Burundi, Bwana Perriello yamenyeshejeko nawe nyene arico camuzanye mu Burundi kugira yerekane amakenga Leta zunze ubumwe za Amerika zifise kubera abantu bapfa ku musi ku musi umutekano muke ukabandanya kwiyongera. Thomas Perriello yemeje ko inyishu y’ingorane z’u Burundi ari ibiganiro bihuza bose kandi ata kirinze gusabwa n’impande zose.

Tom Perriello yanemeje ko abakora amabi muriki gihe batosya bwose na gato. Yagize ati, ingaruka mbi zibandanya kwibonekeza kurabo bahonyanga agateka ka zina muntu canke inkingi za demokarasi. Zimwe murizo ngaruka n’ibihano n’ukubuza abantu kugira ingendo. Ubumwe bwa Bulaya bwaramaze kubikora ariko n’abandi ntibicaye. Ntihagire uwuzokwihenda kurabo bose bafise uruhara mu mabi ngo kumbure ibi n’ibintu bizoca vyibagirwa bimaze guhera.

Twizere ko abategetsi arabantu bafise ukugomba, tukizera ko batahura kw’ibiganiro ari ngombwa vuba bwango ahukuguma bakwega amaguru.

Intumwa idasanzwe ya Leta Zunze ubumwe za Amerika agendye u Burundi mu gihe kuw’Imana uheze hatanguye igikorwa c’ukwaka ibigwanisho ababitunze batabifitiye uruhusha.

Yavuze ko Leta Zunze ubumwe za Amerika zifitiye icizere igisirikare c’u Burundi ko kizokora cisunga amategeko. Yongeyko kandi ko n’abategsti bamwijeje.

Tom Perriello n’uwo atabonanye na Perezida NKURUNZIZA yavuze ko yizeye neza kw’abategetsi vyabonanye harimwo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, umushikiranganji w’imigenderanire y’u Burundi n’ayandi makungu n’uwukwivuna abansi bazoshikiriza umukuru w’igihugu ivyo Leta zunze ubumwe za Amerika zifuza n’amakenga y’ico gihugu ku vyerekeye ingorane ziri mu Burundi.

XS
SM
MD
LG