Uko wahagera

Amerika Isaba Abategetsi b’U Burudi Guhumuriza


Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Thomas Perriello avuga kw’amajambo yakoreshejwe n’abategetsi b’Uburundi ku bijanye n’ikiringo catanzwe na Prezida Pierre Nkurunziza c’ugusubiza ibirwanisho kubo avuga ko babifise batabifitiye uburenganzira, atari amajambo ahumuriza.

Avugira kuri Televiziyo Africa 54 y’Ijwi rya Amerika, Ambasaderi Perriello yamenyesheje kw’ahubwo iki ari igihe abategetsi b’Uburundi bakeneye kurengera amajambo nkayo bagashira imbere ibiganiro.

Thomas Perriello yatangaje mu gihe Uburundi bwari bwagize intambwe mu vyerekeye ubutunzi na demokrasis kw’inzo ntambwe muri iki gihe zasubiye inyuma, igihugu kikaba kiriko gitera kija mu kaga.

Yamara Perriello yamenyesheje ko hakiri akaryo k’ukuva muri iyo nzira ijana mu kaga mu gutuma ibiganiro vy’amahoro ata ruhande na rumwe bikumira bisubira kubandanya.

Intumwa idasanzwe ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello avuga ko babandanya kuvugana n’abategetsi ba Reta, abatavuga rumwe na Reta, n’abaserukira abanyagihugu, avuga ko bashaka gukorana n’izo mpande zose mu gihe bashaka umugambi aho ata ruhande na rumwe rukumirwa.

Perriello avuga ako biteze kw’ibihugu vyo mu karere Uburundi burimwo bigira uruhara rudasanzwe rwubaka mu gufasha gutuma impande zose mu Burundi zisusubira mu biganiro.

XS
SM
MD
LG