Uko wahagera

Amerika Iramagana Abakoresha Imvugo Ishyamiranya Abarundi


Reta Zunzubumwe za Amerika irahagaritswe umutima n’ubwicanyi bubandanya bwibonekeza mu Burundi, amajambo ashikirizwa na reta y’Uburundi ashobora gutuma ibintu biyangara, imihari y’itwaje ibigwanisho iri mu kwaha kwa reta ndetse n’abarwanya reta bakoresheje ibirwanisho hamwe n’ubwicanye bugirwa n’abantu batamenyekana.

Mw’itangazo ryashikirijwe kw’italiki ya 5/11/2015, Ambassadeur Samantha Power Aserukira Reta Zunzubumwe mw’ishirahamwe mpuzamakungu, avuga ko Amerika izokwifatanya n’akarere hamwe n’amakungu mugushengeza imbere y’Ubutungane abagira ubwicanyi n’abahamagarira abandi kwica.

Reta Zunzubumwe za Amerika iratewe umutima uhagaze n’ijambo Prezida Pierre Nkurunziza w’Uburundi yashikirije kw’italiki 2/11/2015 aho yamenyesheje ko abajejwe umutekano bagiye kuzokoresha inguvu zose zishoboka kugira bake ibirwanisho ababitunze batabifitiye uruhusha mu kiringo c’imisi itanu.

Ayo majambo atuma abanyagihugu batekerwa n’ubwoba kandi bakaguma mu ruhagarara, arushiriza kandi kwunyura ibibazo vya Politike n’Umutekano atako vyari vyifashe.

Itangazo rikomeza rivuga ko Reta zunzubumwe za Amerika irahagaritswe umutima nuko ikiringo c’imisi itanu catanzwe n’Umukuru w’igihugu bizotuma haba imvururu z’ubwicanyi mu mpera z’iyi ndwi.

Amaraporo aturira kandi acanishamwo abarundi amaze imisi ashikirizwa n’abategetsi nayo nyene arahangayikishije Reta Zunzubumwe za Amerika.

Reveriyano Ndikuriyo arongoye inama nkenguzamateka nawe nyene aheruka gukoresha imvugo y’iterabwoba itaribwigere ikoreshwa mur’ako karere mukiringo c’imyaka 20.

Nkuko iryo tangazo rikomeza ribyumvikanisha, izo mvugo ziteye ubwoba n’akamo katewe na Prezida, bishobora gutuma umutekano uhungabana kurusha kandi bigata Uburundi mukaga.

Ambasaderi Samantha Power asaba Reta y’Uburundi kwemerera bwa vuba Umurwi w’Ubumwe bwa Afrika ujejwe kwubahiriza agateka kazina muntu n’abaza gukurikirana ingene umutekano wifashe bakaza mu Burundi.

Reta y’Uburundi isabwa kwemera kuja mu biganiro bitunganijwe n’amahanga nkuko ivuga ko ivyipfuza, kugira igihugu kibone gusubira mu mahoro kandi ubwoba buhere mu Barundi.

XS
SM
MD
LG