Uko wahagera

Amerika Yaburiye Abanyamerika Kutajya mu Burundi


Impagarara mu Burundi
Impagarara mu Burundi

Reta zunzubumwe za Amerika iragabisha abanyamerika ko batokwitembereza uko bashaka mu Burundi.


Mw’itangazo yasohoye kuwa kabiri tariki ya 3 y'ukwa cumi mu 2015, Deparitoma ya reta ya Reta Zunzubumwe za Amerika irabandanya kugabisha abanyamerika mu ngendo bagira mu Burundi no kubasaba guhagarika ingendo zidakenewe.

Imyiyerekano, amakoraniro ndetse n’imyimenyerezo yo kwinonora imitsi bisanzwe bikorwa mu mutekano ariko bishobora guhindukira bikavamwo imishamirano.

Kubw’imvo z’umutekano ushobora guhungabana umwanya uwariwo wose, Abanyamerika basabwe kwumviriza ibivugwa mu binyamakuru no gukurikirana ivyandikwa kuri Internet bijanye n’imyiyerekano itegekanywa kandi bakirinda kwisuka mu myigaragamvyo ya politike canke amateraniro ayariyo yose.

Kugira indengo uva mu gisagara ca Bujumbura n’ukuvyirinda cane cane mumasaha y’inyuma ya sa sita y’ijoro. Ambassade ya Reta zunzubumwe mu Burundi imenyesha ko igabanije ingendo z’abakozi bayo bagira hagati mu gihugu c’UBurundi.

Abanyamerika baba mu Burundi, nta numwe yemerewe gufata amabarabara makuru makuru ahuza intara z’Uburundi kuva bugorovye gushika mu gitondo. Mu mabarabara aja mu gisagara ca Bujumbura haboneka abantu batega imiduga.

XS
SM
MD
LG