Uko wahagera

Impunzi Zijya mu Burayi Zariyongereye Cyane


Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi kw’isi HCR rimenyesha ko impunzi zirenga ibihumbi 218 nizo zimaze kujabuka ibahari Mediterane baja I Burayi mur’uku kwezi kwa cumi kurangiye. Ico gitigiri kirengeye kure abahunze mu mwaka urangiye.

HCR imenyesha ko abashika 210,265 bavuye muri Turukiya baja mu Bugiriki, abandi bashika 8,129 bavuye muri Afrika berekeza mu Butaliyano. Benshi mu baheruka gushika bashikiye mu Bugiriki, aho nko kw’italiki 2 z’ukwezi kwa cumi kurangiye ico gihugu cakiriye abashika ibihumbi cumi ku musi.

Adrian Edwards avugira HCR amenyesha ko bari mugihe igitigiri c’impunzi kw’isi ciyongereye cane kandi ko bagiye kugihagurukira naho kizofata igihe kitari gito.

Ico kibazo c’impunzi ku mugabane wa buraya kirashobora guhungabanya ubutunzi bw’ibihugu vyari bisanzwe bicumbagira n’ubugiriki nkuko bimenyeshwa na Jeroen Dijsselbloem arongoye ishirahamwe ryitwa Eurogroup.

XS
SM
MD
LG