Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Abakozi ba ONU 13 Barekuwe


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza kw’abarobeli bo muri Sudani yo mubumanuko barekuye abantu 13 bakorera ibiraka iryo shirahamwe, nyuma yaho bafatiwe imbohe mu ndwi iheze, aho bari baherekeje ubwato bwari butwaye ibitoro bajabuka uruzi Nile.

Iryo tanganzo ryashikirijwe n’ibiro vya ONU vyo muri Sudani yepfo, ryavuze kw’aba bakozi ba ONU barekuwe ejo ku musi wa mungu, kandi ko n’ubwo bwato nabwo nyene bwarekuwe.

Yamara, ONU irasaba umugwi w’abarobeli ba SPLA utavuga rumwe na reta gusubiza buno nyene amaritiro y’ibitoro angana n’ibihumbi mirongo itanu na bitanu, ivyuma vyo guhanahana amakuru, kumwe n’ibigwanisho vyari kuri ubwo bwato igihe babufata kw’itariki ya 26 z’ukwezi kwa cumi.

Uwo musi abo barobeli bafata ubwo bwato, barafashe kandi imbohe inteko za ONU 18 zijejwe gucungera umutekano, ariko bo baciye babarekura nyuma y’imisi itatu.

XS
SM
MD
LG