Uko wahagera

Amerika Irateganya Gukura U Burundi muri AGOA


AGOA
AGOA

Perezida Barack Obama wa Leta zunzubumwe za Amerika amenyesha ko agiye gukura Uburundi mu bihugu vya Afrika bigiranira imigenderanira n’Amerika muvy’urudandaza bivanye n’uko abatavugarumwe n’ubutegetsi mu Burundi baguma bahohoterwa.

Mw’ikete yandikiye Kongre ya Reta zunzubumwe za Amerika ejo ku musi wa gatanu, Perezida Obama yamenyesheje ko mu Burundi ubwicanyi bwabaye ndanse, har’ubwicanyi ndegerabutungane, abantu barafatwa ndetse n’ubuzima bwa kiremwa muntu bugasinzikazwa.

Iyo ngingo yo gukura Uburundi mur’uwo mugambi wiswe AGOA itegekanywa kuja mungiro italiki 1/1/2016. AGOA n’umugambi Amerika ifitaniye n’ibihugu vya Afrika worohereza ibihugu bikwije ibisabwa kugura ibidandazwa muri AMerika bitarishe amatagisi kugira bibashe kwitez’imbere.

Perezida Obama amenyesha ko ibintu vyatanguye kuyangara mu Burundi kuvaho hatanguriye imyiyamamazo y’amatora, amatora yashikanye Prezida Nkurunziza ku butegetsi.

Ingingo yo gusubira kwitoza ku kiringo ca gatatu yatumye Abarundi batavugarumwe nawe bafatwa n’ishavu bamwagiriza guca kubiri n’ibwirizwa nshingiro hamwe n’amasezerano ya Arusha

XS
SM
MD
LG