Uko wahagera

Igihugu ca Irani carahagaritse Siamak Namazi, umugwizatunga afise ubwenegihugu bwa Amerika na Irani igihe yari agendeye inshuti ziwe I Teheran haraheze hafi y’indwi zibiri.

Siamak Namazi ayoboye igisata kijejwe guntunganya imigambi mw’isosiyete yitwa, Crescent Petroleum, ifise icicaro mu gisagara ca Dubai.

Ikinyamakuru, The Wall Street Journal, cyo muri Amerika kivuga ko Namazi yahagaritswe n’igisirikare c’igihugu ca Irani gikwirikiza amabwirizwa y’umuyobozi kizigenza w’igihugu ca Irani, Ayatollah Ali Khamenei, ah’ugukwirikiza amabwirizwa ya Reta ya Irani. Ipfungwa rya Namazi rije imisi mikeyi inyuma yuko amasezerano yerekeye umugambi wa nucleaire w’igihugu ca Irani agiye mu ngiro kw’italiki cumi n’umunani z’ukwezi kw’icumi.

Ipfungwa rya Namazi ntiriremezwa n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika. Abaye umuNyamerika afise amamuko muri Irani agira kane apfungiwe mu gihugu ca Irani.

Ubushikiranganaji buejjwe imigenderanire bwa Amerioka bwaragerageje incuro zitari nke kubohoza abantu bantu. Umuryango wa Namazi washimye kutagira ico uvuze kw’ihagarikwa ryiwe.

XS
SM
MD
LG