Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Abasirikari ba ONU 20 Barekuwe


Sudan Rebel Aid
Sudan Rebel Aid

Abasirikare 20 b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bagiye kubungabunga amahoro muri Sudani y’Epfo bari barafashwe ku musi wa mbere n’abarwanya ubutegetsi bararekuwe.

Ivyo bimeneyshwa na Stephane Dujarric umuvugizi wa ONU. ONU imeneysha kandi ko abantu 12 bari bafitaniye contra na ONU, bari bafatanywe n’abo basirikare bo baracari mu minwe y’abo ba rebeles.
Abo basirikare bari bafashwe kuwa mbere baherekeje ubwato burimwo ibitoro vya ONU ku ruzi Nile.

Ubwo bwato bwariko bwerekeza mu buraruko bw’igisagara ca Malakal imbere yuko buhagarikwa n’abantu 100 bafise ibirwanisho bikomeye baciditse n’abarebeles b’umuhari SPLA, baca bigarurira ubwo bwati, ababukoramwo n’abaririkare ba ONU bari babucungereye. Baciye basahura n’igitoro bwari butwaye.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU risaba Riek Machar arongoye abo ba rebels gushira mungiro ivyo yemereye ONU no kurekura abo bantu bakigizwe imbohe atawubariye urwara

XS
SM
MD
LG