Uko wahagera

Al-Shabab Yafashe Indege Yagize Impanuka


Muri Somaliya kuri uno musi wagatatu abategetsi batangaza kw’abagwanyi ba Al-Shabab bafashe indege ntoyi yagiriye isanganya mu burengero bw’umugwa mukuru wa Mogadishu.

Amakuru dukesha service y’igisomali hano kw’ijwi rya Amerika avuga ko iyo muri iyo ndege yagiriye isanganya hafi y’ikigwati citwa Omar Darire cafashwe na Al-Shabab, bari hagati y’abantu cenda na cumi n’umwe.

Nta makuru aramenyekana ku bijanye n’ubuzima bw’abo bantu baguye muriryo sanganya. Amakuru twahawe n’abantu batashimye kwivuga amazina, avuga ko iyo ndenge yari iy’ishirahamwe ry'abikorera utwabo bakorana na reta mu gwego gwo gucungera umutekano muri ico gihugu casinzikajwe n’intambara.

Abdulahi Hassan Abdi, icegera ca buramatari w’intara ya Afgoye yabwiye ijwi rya Amerika ko nyuma yaho iyo ndege igiriye isanganya, abagwanyi ba Al-Shabab baciye bayikikuza, kandi ko n’ubu iri mu minwe yabo.

XS
SM
MD
LG