Uko wahagera

Amerika Izongera Ibitero ku Ntagondwa za Etat Islamique


Reta zunzubumwe za Amerika zimenyesha ko zigiye kwongereza ibitero vy’indege ku barwanyi b’umuhari wa Islamiste mu bihugu vya Siriya na Iraki, mbere bishobotse bagakora n’ibitero vya hasi.

Ivyo vyamenyeshejwe na Sekreteri wa Reta zunzubumwe za Amerika ajejwe kwivuna abansi Ash Carter kuwa kabiri, abibwira umurwi w’abashingamateka baraba ibijanye n’intambara zibera mu karere Siriya na Irak biherereyemwo.

Ash Carter yagize ati “mubisanzwe nta bitero vy’abasirikare barwanira hasi dukora, ati ariko tubonye ko ari ngombwa ntakibuza ko dukurikirana umwansi aho yinyegeje hose nkuko duheruka kubohoza imbohe 70 muri Iraki.

Ash Carter Sekreteri ajejwe kwivuna abansi yabwije ukuru abashingamateka ko umuhari wa reta ya Islamiste ubagoye gutuza.

XS
SM
MD
LG