Uko wahagera

Abantu 4 Bishwe Mu Gisigara ca Bujumbura


Abantu 4 bishwe mu gisagara ca Bujumbura
Abantu 4 bishwe mu gisagara ca Bujumbura

Abantu bane harimwo uwatowe ari ikiziga kuri uyu wa kabiri nibo bapfuye kuva kuruyu wa mbere mu kajoro ku mugwa mukuru Bujumbura, umupolisi umwe arakomereka hongera haturirwa imodokari imwe.

Muri zone Cibitoke, komine ntahangwa mu buraruko bw’igisagara Bujumbura abakenyezi bahaba n’abandi bo ku ma barabara ahegereye babonetse bariko baririra umusore yitwa Abdoul w’imyaka 22 yahitanywe na grenade kuruyu wa mbere mu kajoro.

Umwe muri abo bakenyezi yavuze ko abapolisi baje gufata umuntu asara afise inkota hama haca humvikana ama grenades.

Yagize ati « abavyeyi bariko barahekurwa nkuko mubibona , twebwe dushaka amahoro gusa. »

Mu masasu n’ama grenades yumvikanye mu Cibitoke kuruyu wa mbere ku muhingamo no mw’ijoro s’abantu gusa bahaguye. Hari n’imodokari yaturiwe. Nyeneyo avuga ko ubuzima busa n’ubugiye guhagara kuko iyo modokari y’i taxi ariyo yaritunze umuryango wiwe.

Turetse muri zone Cibitoke mu muraruko bwa Bujumbura, amasasu yarumvikanye kandi no mu bumanuko muri zone Musaga.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:56 0:00

Ahandi humvikanye amasasu n’ama grenades ni muri zone Kamenge mu buraruko bwa Bujumbura nyene.

Hatewe ikigo « Centre jeunes Kamenge » nk’uko vyemezwa n’igipolisi. Ico kigo gisanzwe gifasha urwaruka ahanini mu bijanye naho rusomera ibitabu, ibibuga vy’inkino hamwe n’izindi nyigisho zijanye n’umuziki n’ibindi.

I ruhande y’ico kigo hasanzwe hari ikirindiro c’abapolisi. Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye yemeza ko murico gitero cabereye aho kuri « Centre jeunes Kamenge » , umupolisi umwe yakomeretse hongera hafatwa umwe mu bari baje gutera.

XS
SM
MD
LG