Uko wahagera

Umufurera Yakubiswe mu Ntara ya Bubanza


Uruhagarara rurakomeje mu Burundi
Uruhagarara rurakomeje mu Burundi

Umufurera arongoye ikigo kirerewemwo impfuvyi muri komine Musigati intara ya Bubanza ataka ubutungane.

Aho n’inyuma y’aho kur’uyu wa mbere avuga ko yakubiswe n’abamwe mu rwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD barongowe n’icegera c’umukuru w’umutumba Bukinga .

Furera Ntakirutimana Onesphore avuga ko ku muhingamo w’uyu wa mbere yabonye bamwe mu mbonerakure za CNDD-FDD zirikumwe n’icegera c’umukuru w’umutumba baje kumusaba umuntu basanzwe bakorana mw’irerero ry’imphuvyi riri ku mutumba Bukinga, bavuga ko ateye amakenga.

We yabishuye ko atawe abaha akavuga ko atari mushasha mur’ako gace kuko yar’ahamaze amezi abiri.

Ijwi ry’Amerika rimubajije igituma yaranse kumubaha kugira bamenye ikimugenza, Ntakirutimana yishuye ko mur’ino misi bitoroshe gutanga umuntu kuko hari abanyuruzwa mur’ubwo buryo bwaca bagatorwa ari ibiziga.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:54 0:00

Uwo mufurera co kimwe n’abo bana b’impfuvyi areze, biriwe kur’uno wa mbere imbere y’ibiro vy’Inyamiramabi gutaka ubutungane.

Ariko uwagirizwa ko yari kw’isonga ry’abakubise uwo mufurera ntiyigeze ahahonyoza ikirenge n’aho igipolisi cari cemeye kumurondera.

Abo bana biriwe inzara nkuko bavyivugira. Basaba ko uwo abareze atobandanya guhohoterwa kugira abashe kubafasha na rirya ari impfuvyi.

XS
SM
MD
LG