Uko wahagera

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu rimenyesha ko kurya inyama zihinguye mu buryo bwa Jambo, isosisi, n’ibihinguwe mu nyama z’ingurube bishobora gutera ingwara ya kanseri.

Kanseri ishobora kandi guterwa n’inyama zifise ibara ritukura. Izi nyama zitukura zirimo iz’inka, ihene, intama ndetse n’iz’ingurube

Ivyo n’ivyavuye mu cigwa cakozwe n’igisata kigira ubushakashatsi ku ngwara ya kanceri, ubushakashatsi bwari bushimikiye ku gifungurwa c’inyama.

Linda Johnston, umwongerezakazi akora ibijanye no gutanga impanuro ku mfungurwa amenyesha ko iyo atari inkuru nziza cane cane kubakunda kurya inyama.

Ariko ivyavuye mur’ubwo bushakashatsi ntivyemerwa ijana kw’ijana n’ikigo co muri Amerika ya ruguru ciga ibijanye n’inyama “The North American Meat Institute” mu congereza aho bavuga ko ivyigwa vyinshi vyakozwe n’ishirahamwe ryitaho amagara y’abantu ata bucuti buboneka hagati y’inyama na Kanseri.

XS
SM
MD
LG