Uko wahagera

Congo: Perezida Nguesso Aziyamamariza Manda ya Gatatu


Abasirikari batoye muri kamarampaka muri Kongo Brazzaville
Abasirikari batoye muri kamarampaka muri Kongo Brazzaville

Abanyagihugu baremeje ku bwinshi itora ryo guhindura amwe mu mabwirizwa y’ibwirizwashingiro rya Republica ya Congo kugira Perezida Sassou Nguesso abashe kongera kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, ikindi kiringo.

Ibiharuro vyashikirijwe icese kuri uno musi wa kabiri, bivuga ko ibice mirongo icenda kw’ijana vy’abanyagihugu bashigikiye ihindugwa ry’ibwirizwa shingiro bitavye iryo tora kubice bingana na mirongo indwi na bibiri kw’ijana.

Imigwi itavuga rumwe na reta ntiyitavye iryo tora, ikavuga kandi ko ivyo bitigiri bitanganzwa atari vyo, ahubwo ko biri no musi y’ibice cumi kw’ijana. Umukuru w’umugambwe utavuga rumwe na reta Pascal Tsaty Mabiala, asaba kw’iryo tora kw’ihindugwa ry’ibwirizwa shingiro ritokwemegwa.

Iryo hindugwa ry’ibwirizwa shingiro rinangagura amabwirizwa yerekeye ibiringo umukuru w’igihugu yemerewe kwitoza, rigakuraho ibwirizwa ribiza abiyamamaza mu kibanza c’umukuru w’igihugu kuba atarenza imyaka mirongo indwi ya’amavuko.

Umushingantahe Nguesso afise imyaka mirongo indwi n’umwe y’amavuko, yatsinze amatora y’umukuru w’igihugu atemewe mu mwaka wi 2002 no mu 2009, akaba yarategetse Congo mu buryo butandukanye ikiringo c’imyaka mirongo itatu n’itandatu iheze.

XS
SM
MD
LG