Uko wahagera

Ikinyamugigima Cahitanye Benshi muri Afghanistani


Ingaruka z'Ikinyamugigina mu gihugu cya Afghanistani

Ingaruka z'Ikinyamugigina mu gihugu cya Afghanistani

Ikinyamugigima gikomeye cabaye ku wa mbere mu buraruko bw’igihugu ca Afghanistani, aho cumvikanye no mu bihugu vya Pakistani n’Ubuhindi.

Abategetsi bo mu ntara ya Nangarhar, ico kinyamugigima cabereyemwo bemeje kw’abantu batandatu bahasize ubuzima mu gihe abandi bagera kuri mirongo irindwi bakomeretse.

Mu ntara ya Kunduz, abana cumi na babiri bavurwa ko bapfuye ahitwa Takhar mu gihe abandi mirongo itatu na batanu bakomeretse.

Mu gihugu ca Pakistani, abantu mirongo ine bapfuye , abandi barenga amajana atatu barakomereka mu ntara iri ku rubibe n’igihugu ca Afghanistani.

Umutegetsi mukuru w’igisirikare c’igihugu ca Afghanistani, Generali, Raheel Sharif yategetse kw’inteko zitangura zidatevye gutanga ibikoresho vy’ugutabara mu karere ico kinyamugigima cabereyemwo.

Ico kinyamugigima kibaye hafi y’amezi atandatu inyuma y’ikinyamugigima cihaye inkumbi mu gihugu ca Nepal cahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi, gisambura amazu ibihumbi amajana n’amajana.

XS
SM
MD
LG