Uko wahagera

Yakatiwe Gufungwa Imyaka 8 Azira Ubutasi


Reta zunzubumwe za Amerika zaciriye urubanza rwo gufungwa imyaka umunani umanyamerika afise amamuko ya Irani. Uyu yagirizwa kuba yarahaye amabanga ya gisirikare mu bijanye n’indege igihugu ca Irani.

Uyo munyamerika azwi kw’izina rya Mozaffar Khazaee yakorera igisirikare ca Reta zunzubumwe nk’umuhinga w’indege mu kiringo c’imyaka itari mike.

Khazaee, afise imyaka 61y’amavuko yafashwe mu kwezi kwa mbere umwaka w’2014 mugihe yariko ararondera gusohoka LZA n’ibitabo birimwo amabanga ya gisirikare.

Sentare ya reta ya Connecticut yamuciriye gufungwa imyaka 8 n’ukwezi kumwe no gutanga amande angana amadolari ibihumbi 50 y’Abanyamerika.

XS
SM
MD
LG