Uko wahagera

Inama Mpuzamakungu ku Gihugu ca Siriya


 John Kerry ageze Ammn muri Jordaniya, tariki ya 23/10/2015
John Kerry ageze Ammn muri Jordaniya, tariki ya 23/10/2015

Sekreteri wa reta wa reta zunzubumwe John Kerry yamenyesheje ko hagiye kuba inama mpuzamakungu mundwi iza izokwiga ingene hotorwa umuti mu vya Dipolomasiya mu ntambara iri muri Siriya

Ivyo John Kerry yabivugiye I Vienne ejo kuwa gatanu ahajeje kubonana na minisitiri w’Ubu Rusiya ajejwe imigenderanire n’amakungu Sergei Lavrov.

Abo bategetsi uko ari babiri bariko barabirahamwe ingene bovuga rumwe mu vyo badahurizako kubijanye na kazoza ka siriya mu vya Politike.

Abo bategetsi uko ari babiri kandi barabonanye n’abaminisitiri ba Turukiya na Arabiya Saoudite bajejwe imigenderanire n’amakungu, bakaba bagiranye ibiganiro vyubaka nkuko John Kerry yabimenyesheje.

Ikibanza iyo mibonano yabereyemwo nticamenyeshejwe.

XS
SM
MD
LG