Uko wahagera

Ban Ki-moon Asaba ko Ituze Ryagaruka mu Burasirazua bwo Hagati


Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon asaba abategetsi ba Israyeli na Palistina gukora ibishoboka kuburyo bahagarika ubwicanyi bubera mur’ako karere.

Ivyo Ban Ki Moon yabivuze kur’uyu wa gatatu mu rugendo rurangira uyu musi yarimwo mur’ivyo bihugu.

Ban Ki Moon yabonanye na Prezida Mahmoud Abbas wa Palesitina mu gisagara ca Ramallah mu ntara ya Cisjordaniya.

Mwomenya ko ako gace kamaze indwi zitari nke mu mishamirano. Abanyezirayeli bashika umunani bamaze kuhasiga ubuzima mugihe kuruhande rw’abanyepalestina 40 aribo bamaze gupfa.

Igipolisi ca Izirayeli kimenyesha ko kur’uyu wa gatatu umusirikare wa Izirayeli yacumiswe hafi ya Cisjordaniya, ariko uwo muntu yaciye araswa arapfa. Imbere yaho Igisirikare ca Izirayeli carashe umugore yariko aza abegera afise imbugita.

Minisitiri wa mbere wa Izirayeli Benyamin Netanyahu yafashe indege agana mu Budagi kuganira na Shanseliye Angela Merkel w’Ubudagi.

Ategekanya kandi kubonanira mu Budagi na John Kerry Sekreteri wa reta wa Leta zunzubumwe za Amerika hamwe na Federica Mogherini arongoye igisata c’Ububanyi n’amahanga mw’ishiramamwe ry’Ubumwe bwa Burayi.

XS
SM
MD
LG