Uko wahagera

Inama Yihutirwa ku Kibazo cy'Abimukira


Disscusion EU migrants crises

Disscusion EU migrants crises

Komisiyo y’Uburayi ihamagarira abategetsi b’ibihugu vya Burayi mu nama kugira bige ku kibazo c’impunzi zibandanya zija kur’uwo mugabane w’isi gusaba ubuhungiro.

Jean-Claude Juncker arongoye iyo Komisiyo amenyesha ko ibihugu vya Burayi bikeneye gukorera hamwe kugira bahangane n’ico ikibazo.

Juncker amenyesha ko iyo nama itegekanijwe ku musi w’Imana yatumiwemwo abakuru b’ibihugu cumi vyo mur’uyo muryango hamwe n’ibihugu bisanzwe bitari muriwo nka Masedoniya na Serbiya, inama izobera I Buruseli mu Bubirigi. N’abategetsi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU baratumiwe mur’iyo nama.

Ibihumbi vy’impunzi nizo zinjiye mugihugu ca Sloveniya kuva ku musi wa gatandatu bica bituma ico gihugu naco kiba mubindi bigiye guhangana n’ico kibazo.

XS
SM
MD
LG