Uko wahagera

OMS: Ingamba Nshya zo Kurwanya Ebola


Umuyobozi wa OMS Margaret Chan avugira i Geneve mu Busuwisi tariki ya 20 y'ukwezi kwa cumi mu 2015
Umuyobozi wa OMS Margaret Chan avugira i Geneve mu Busuwisi tariki ya 20 y'ukwezi kwa cumi mu 2015

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara kw’isi rigiye gutunganya ibintu gushasha mu ntumbero yo gusezerera ubutagaruka ikiza c’ingwara ya Ebola.

Margaret Chan, umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe amenyesha ko baronse ivyigwa igihe ico kiza kirigita abantu mu gace ka Afrika y’Uburengero. Agira ati, ivyo nivyo iryo shirahamwe rigiye gufatirako kugira rifate umukenyuro musha mu rugamba rwo kurwanya ico kiza.

Mu bigiye guhinduka, OMS, ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu rigiye gushiraho abaganga mu bice bitandukanye vy’isi bazokwama bagavye mugihe ico kiza cokwongera kwibonekeza mugihugu ic’arico cose.

Nkuko Marguaret Chan abandanya abivuga, ati Kera iyo tuvuze ivyo kwitaho amagara y’abantu, abantu bahita bumva kuvura, ariko ubu dukwiye kwama tugavye twiteguriye icokwaduka kandi tukama tugira ubushakashatsi.

Ati ikindi gikomeye n’ugukomeza imigenderanire myiza hagati y’abita ku magara y’abantu n’abanyagihugu.

Aho ni mugihe abanyagihugu bamwe bahisha ibiziga vy’ababo baba bahitanywe n’ico kiza bigatuma ibikorwa vy’iryo shirahamwe bitagenda neza nkuko bikwiye.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryita kumagara y’abantu rimenyesha ko ata murwayi wa Ebola acibonekeza muri Sierra Leone. Asobanura ko ariko ntaworyama umukondorazosi kuko mugihugu kibanyi ca Gineya hashobora kuba har’abantu batatu boba baheruka kwandura ico kiza.

XS
SM
MD
LG