Uko wahagera

OMS: Impanuka Nyinshi z'Imiduga Ziri muri Afurika


Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyita ku magara y’abantu, OMS, bitanganza ko impanuka z’imiduga ziba kumayira zibandanya guhitana ubuzima bw’abantu kurugero rurengeye. Ivyo biro bivuga ko abantu bagera ku mulliyoni umwe n’ibice mirongo ibiri na bitanu bahitanwa nazo buri mwaka, kandi nyinshi murizo zoshobora kwirindwa. Ivyo ni ibikubiye mu cegeranyo ca OMS cashohowe kuri uyu musi wa mbere itariki cumi n’icenda umwaka wi 2015.

Ico cegeranyo cakoze ubushakashatsi mu bihugu 180, cerekana ko ibitigiri vy’abantu bahora bahitanwa n’impanuka z’imiduga gisa n’ikitahindutse kanini ugereranije n’imyaka yahera. OMS ikavuga ko ivyo bishimishije mugihe imiduga n’ivyotsi bitegwa nayo bigenda vyiyongera cane kw’isi.

Kurundi ruhande, muri ico cegeranyo basanze impanuka zo kumayira ari impamvu yambere ikomeye ituma urwaruka ruri hagati y’imyaka cumi n’itanu na mirongo ibiri n’icende rwitaba imana. OMS yasanze kandi ko hari ubudasa mubijanye n’amayira mabi hagati y’ibihugu bitunze n’ibikenye, mubituma igitigiri c’abantu bapfa ciyongera.

OMS ivuga ko ibice mirongo icenda kw’ijana vy’impanuka z’imiduga, ziba mubihugu bidatunze cane kimwe n’ibihugu bikenye, naho muri ivyo bihugu hari ibice mirongo itanu na bine vyonyene vy’imiduga iri kw’isi. Umuyobozi w’ibiro vya OMS bijejwe ingwara z’itandura Etienne Krug, avuga ko igitigiri kinini c’impanuka zo kumayira kiri muri Afurika, hagakurikigwa n’ibihugu vy’abarabu.

XS
SM
MD
LG