Uko wahagera

Gineya: Byitezwe ko Alpha Conde Azatsinda Amatora


Muri Gineya Konakry Perezida Alpha Conde niwe afise amahirwe yo gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu yabaye ku musi w’Imana uheze.

Ibiharura bimaze gutororokanwa vyerekana ko Perezida Alpha Konde aza kumajwi 80%.

Mwomenya ko Cellou Dalein Diallo, aza ubwa mbere mubatavugarumwe n’umugambwe uri ku butegetsi kuwa gatatu yamenyesheje ko avuye mu matora aho yavuze ko yabaye inkinamico.

Ariko ntakigaragaza ko iyo ngingo yiwe izotuma haba igice ca kabiri c’amatora.

Ishirahamwe ryitaho agateka ka muntu Human Rights Watch ejo kuwa kane ryaragabishije imigambwe iharanira ubutegetsi mur’ico gihugu gukora ibishoboka ntihagire ubwicanyi buba kandi risaba inzego zijejwe umutekano kuba magabo kugira baburizemwo imigumuko yose yokwaduka.

Igihugu ca Gineya Konakry caranzwe na kahise gafatiye kundyane za politike zishimikye ku moko abantu batari bake bakaba barapfuye mu migumuko mu bihe vy’amatora.

XS
SM
MD
LG