Uko wahagera

Bujumbura: Abantu 10 bishwe mu Ngagara


Ubwicanyi bwibasira abasiviri burakomeje mu Burundi
Ubwicanyi bwibasira abasiviri burakomeje mu Burundi

Abantu 10 nibo baraye bagandaguwe mu Ngagara muri quartier ya gatatu.

Muri abo harimo abasivili icenda n'umupolisi umwe. Abanyagihugu bayagiye Radiyo Ijwi ry'Amerika bavugako abo bantu barashwe n’abapolisi bambaye tashe tashe ari nabo barashe Christophe Nkezabahizi yafata amasanamu kuri RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi).

Umuvugizi w'igipolisi Pierre Nkurukiye avugako muri abo icenda babiri ari abicanyi abandi n’abo bahitanywe n’amasasu arengana.

Nkezabahizi yishwe n’umupfasoni wiwe n’abana babo babiri.

Mw’ijoro ryo kuruyu wakabiri kandi ibisasu vyinshi vyumvikanye mu gisagara ca Bujumbura.

XS
SM
MD
LG