Uko wahagera

Ibitero Simusiga bya Etat Islamique muri Irak


Abarwanyi ba ISIS
Abarwanyi ba ISIS

Abagwanyi b’umutwe wa Islamic State biyitiriye kimwe mubitero vy’ama bombe yaraye aturikiye mu gihugu cya Iraq bigahitana abantu 57.

Uwo mugwi w’intagondwa z’Abayisilamu b’Aba Sunni watangaje kuri uno musi wa kabiri yuko wagize ico gitero kuba Islam b’Aba Shi’ite hakoreshejwe umuduga warimwo bombe. Uwo muduga wasambukiye hafi y’isoko riri mu bumanuko witwa al-Zubair hafi y’igisagara ca Basra.

Igitero cyari gikomeye cane cyakozwe mu mujyi wa Khalis, wiganjemo Abayisilamu b’AbaShi’ite. Aha ni ku birometero 80 mu buraruko bushira ubuseruko bw’umugwa mukuru i Baghdad. Ico gitero cahitanye abantu 35.

Mu kindi gitero cakoreshejwe bombe yasambukiye mu muduga, cagizwe mu karere kitwa Husainiya, hafi ya Baghdad, hapfa abandi bantu 12.

Mu ntambara yo muri Iraq mu mwaka w’I 2014 mu kwezi kw’icenda, hari hamaze gupfa abantu ibihumbi 12. Nyamara, ukwezi kw’icenda kw’ uyu mwaka, ibitigiri vyashizwe ahabona n’ishirahamwe mpunzamakungu ONU bimenyesha ko hamaze gupfa abantu ibihumbi 10.

Igitandukanye n’ibitero vyagiye biragigwa mu mwaka uheze, n’uko mubahitanywe navyo, 23 kw’ijana, bari abo mu nzego z’abajejwe umutekano. Nyamara, muri uyu mwaka bararenga 40 kw’ijana.

XS
SM
MD
LG