Uko wahagera

Uburaya Bwafatiye Ibihano Abategetsi b'Abarundi Bane


EU logo
EU logo

Ishirahamwe ry’ ibihugu vya Bulaya yemeje ingingo yo gufatira ibihano vyo kutaronswa inkaratasi zo gufata ingendo no gufata amatungo yabo abategetsi bane bo muri leta y’Uburundi.

Abo bafatiwe ivyo bihano ni abagirizwa mu bariko baraburagiza ingendo ya demokarasi no kudindiza utwigoro two gutora inyishu z’ibibazo vya politike ziri mu gihugu canecane ubwicanyi, gukokeza ubwicanyinibindi bikorwa vyose bitoteza agateka ka zina muntu.

Inama y’Ibihugu vya Bulaya ibandanya itera akamo impande zose kwirinda ubwicanyi no kwiyamiriza ibikorwa vyose vy’ubwicanyi.

Nta kintu na kimwe kiboneka kiriko kirakorwa mu nzira yo kurondera inyishu za politike kuri ico kibazo c’Uburundi kandi, kandi hariho ubwoba ko ubwicanyi bushobora gusubira kwaduka. Amazina y'abo bantu bafatiwe ibihano aratangazwa kuri uyu w akane tariki ya kabiri y'ukwezi kwa cumi mu 2015.

XS
SM
MD
LG