Uko wahagera

Burkina Faso: Abasilikari Barashakisha General Diendere


General Gilbert Diendere mu ngoro ya Perezida tariki ya 17 y'ukwa karindwi mu 2015.
General Gilbert Diendere mu ngoro ya Perezida tariki ya 17 y'ukwa karindwi mu 2015.

Muri Burkina Faso, Leta y’infatakibanza iriko iragerageza kugondoza Jenerali Gilbert Diendere ubu yahungiye mu buserukizi bw’igihugu kitaramenyekana kugira ngo yishikane ku butegetsi.

Abamenyeshamakuru b’itororokanirizo ry’amakuru Reuters bavuze ko ashobora kuba yahungiye mu buserukizi bwa leta ya Vatikano.

Leta y’infatakibanza yamenyesheje kandi ko igisirikare ca Burkina Faso cafashe ikambi yari yashatse gutembagaza ubutegetsi mu ndwi iheze, inyuma y’ingwano yamaze umwanya muto.

Bamwe murabo basirikare bari banse gusubiza ibirwanisho nkuko bari babitegetswe n’ibiro bikuru vy’intwaramiheto vya Burkina Faso.

XS
SM
MD
LG