Uko wahagera

Burundi: Kwita ku Bidukikije Kurushaho


Haraheze imisi itari mike hibonekeza ihindagurika ry’ibihe, na cane cane ubushuhe bwinshi mu Burundi co kimwe no mu karere.

Umuhinga Hakizumwami Eliya akorere ishirahamwe UICN ryishinze guharanira ibidukikije akaba n’uwaserukiye ishirahamwe mpuzamakungu UICN mu ruganda rw’igihugu rwabereye i Bujumbura mu kurabira hamwe ukwo bogarukira ibidukikije na cane cane mu gutera ibiti ahantu hangana na hegitare imiliyoni 150 kw’isi yose gushika mu 2020, avugako uretse Uburundi canke Afrika, kw’isi yose hari ihindagurika ry’ibihe n’ubushuhe bishobora gutuma ubugararwa butikiza inganda mu myaka iri imbere.

Mu Burundi hagiye guterwa ibiti bisubirira ivyagiye biratemwa ahantu hangana na hegitari imiliyoni zibiri ariko gushika ubu uburyo bwo gushira mu ngiro uwo mugambi ntiburaboneka Mohamed FERUZI arongoye ikigo co gukingira ibidukikije OBPE abimenyesha ariko ngo bagiye kwitura abasanzwe bafasha Uburundi harimwo na UICN babafashe mur’uwo mugambi.

Umupfasoni Hakizimana Bernadette ni umuhanuzi mu Bushikiranganji bw’ibidukikije. We asaba abarundi kwitwararika gukingira ibidukikije mu gutera ibiti umuntu wese mw’itongo afise kwubaka amazu aja hejuru kugira haboneke aho gutera ibiti kureka guca ibiti no guturira amashamba.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:58 0:00

XS
SM
MD
LG