Uko wahagera

Inteko Rusange ya ONU Yatangiye mu Mujyi wa New York


Perezida Barack Obama muri ONU, tariki ya 29 y'ukwa cyenda 2015.
Perezida Barack Obama muri ONU, tariki ya 29 y'ukwa cyenda 2015.

Perezida wa Leta zunze ubumwe z'Amerika Barack Obama ari mu bakuru b'ibihugu bagejej ijambo ku nteko rusange ya ONU yatangiye kuri uyu wa mbere. Ni ku nshuro ya 70 iyo nteko iterana kuva ONU ishinzwe.

Kuri uno musi wa mbere mu nama nkuru y’ishirahamwe mpunzamakungu, Perezida wa Leta zunze ubumwe za Amerika Barak Obama na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya bagaragaje ukutumvikana kuburyo ingwano yo muri Siriya yo hagarikwa.

Imbere yuko bahura maso muyandi mu nama yahuza abo abategetsi babiri, Obama yabwiye abari muri iyo nama ko, nyuma yaho hasesekeye amaraso menshi hakaba n’ubwicanyi butagira izina muri Siriya, ico gihugu ntigishobora kubandanya kumera ukwo cari kimeze imbere yaho intambara itanguriye. Yasavye ko hoshinga ubutegetsi mfatakibanza mu ngingo yo gukura kubutegetsi Perezida wa Siriya Bashar al-Assad.

Yamara, mwijambo Perezida Putin yashikirije nyuma y’imyaka itari mike iheze, yagabishije yuko vyoba ikosa rikomeye kudakorana n'ubutegetsi bwa Perezida Assad mu kugwanya umutwe wa Islamic State iriko iragerageza gukura uwo mutegetsi wa Siriya. Perezida Putin yasavye ko haba ico yise ugukorera hamwe mukugwanya umugwi wa Islamic State, nkuko vyakozwe muri kahise igihe hashingwa umugwi wagwanyije Umudage Adolphe Hitler mu ngwano y’isi ya kabiri.

XS
SM
MD
LG