Uko wahagera

Burkina Faso: Michel Kafando Yasubiranye Ubutegetsi


Muri Burkina Faso, umukuru w’igihugu mfatakibanza Michel Kafando amenyesha ko yasubiriye kubutegetsi, nyuma y’indwi imwe iheze afashwe n’akagwi k’abasirikare bacungera umutekano w’umukuru w’igihugu, bagize coup deta.

Kafando yabwiye abamenyeshamakuru kuri uno musi wa gatatu yuko reta yiwe yasubijwe kubutegetsi kandi yasubiriye mu bikogwa vyayo “ako kanya nyene”.

Mugitondo c’uyu wa gatatu, niho ako kagwi kabasirikare bajejwe umutekano w’umukuru w’igihugu bemeye gusubira mwikambi yabo, nyuma y’ibiganiro vy’umwumvikano vyari bigizwe n’abakuru b’ibihugu vya Senegal, Togo, Benin na Nigeriya, bari bahuriye kumugwa mukuru wa Ouagadougou.

Abasirikare ba reta, bari bashwabadukiye ku mugwa mukuru kubera ukutumvikana n’ako kagwi k’abasirikare bari bagize coup deta, yamara, bahavuye bemera gusubira inyuma, ku birometero 50 uvuye mu gisagara hagati.

Umukuru w’ako kagwi k’abasirikare bagize kudeta, General Gilbert Diendere, ejo ku musi wa kabiri, yarasavye ikigonge igihugu, yongera yemere ko asubiza ubutegetsi abisabwe n’abo bategetsi bari bahuriye I Ouagadougou mu biganiro. Mbere yaho kandi, yari yabwiye ijwi rya America yuko atipfuza ko amaraso aseseka.

XS
SM
MD
LG