Uko wahagera

Perezida Obama Yakiye mu Biro bye Papa Fransisiko


Perezida Obama, Papa Faransisiko n'umusemuzi wa Papa w'icyongereza i Washington
Perezida Obama, Papa Faransisiko n'umusemuzi wa Papa w'icyongereza i Washington

Prezida Barack Obama yakiranye igishika cinshi Papa Francis ku kirimba iwe kur’uyu wa gatatu hakaba hari abantu basaga ibihumbi 15,000 bari baje gukurikirana ivyo birori.

Mw’ijambo Prezida Obama yashikirije yavuze ati: Uyu n’umusi mwiza Imana yaremye, ati: amajambo ya Papa n’amajambo y’amahoro n’ivyizigiro, ati n’amajambo yanejereje abantu b’aha ndetse n’abo kw’isi yose”.

Kur’Uyu musi wa mbere w’urugendo rwa Papa muri Reta Zunz’Ubumwe za Amerika Papa ategekanya kugiranira umubonano na Prezida Obama.

Papa Francisco kandi yashikirije ijambo abasenyeri kandi ategekanya gukora umuhango wo gushira mu bahire umu misiyoneri w’umu espanyole wo mu kinjana ca 18. Uwo yamamaje ubutumwa bwiza muri Reta ya Kaliforniya aha muri reta zunzubumwe za Amerika.

Mw’ijambo yashikirije, Papa Francisco yashimagije uruhara Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifise kw’isi, ntiyibagiye no gusabira imigisha Amerika.

XS
SM
MD
LG