Uko wahagera

Burkina Faso: Umuti w'Ibibazo Waba Uri hafi Kuboneka


Gen. Gilbert Diendere
Gen. Gilbert Diendere

Abasirikare ba Burkina Faso barinjiye ku murwa mukuru, Ouagadougou, kugira baganire n’abarongoye akagwi katembagaje reta mundwi irangiye.

Hagat’aho Ambassaderi w’Ubufaransa muri Burkina Faso amenyesha ko Perezida w’imfatakibanza Michel Kafando yidegemvya.

Amakuru atangwa n’igisirikare muri Burkina Faso avuga ko abasilikari binjiye mu gisagara mu ntumbero yo gusubizaho reta yakombowe ata maraso arinze guseseka.

kumusi wa mbere, Jenerali Gilbert Diendere yari yamenyesheje ko yiteguye gukinjura, aho hari inyuma yaho ahereje kuganira n’abakuru b’ibihugu vyo mur’ako karere.Uno musi niho hategekanijwe inama yihuta y’abakuru b’ibihugu bo mur’ako karere mu gisagara ca Nijeriya kugira bavugane ibiriko birabera muri Burkina Faso.

kumusi wa mbere kandi, Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon yamenyesheje ko ariko akurikiranira hafi ibibera muri Burkina Faso, agahamagarira impande zose kudakoresha igikenye mugusubiza ibintu muburyo.

XS
SM
MD
LG