Uko wahagera

Burkina Faso: Bishobora Kugera Iwa Ndabaga


Igisirikare ca Burkina Faso gitanganza ko abasirikare baco bafashe urugendo baja kumugwa mukuru wa Ouagadougou mu ntumbero yo kwaka ibigwanisho akagwi k’abasirikare kari kafashe ubutegetsi mu buryo bwa Coup d’eta mu ndwi iheze.

Umuvugizi w’igisirikare, Kapiteni Herve Ye, yabwiye Ijwi rya Amerika yuko igisirikare casohoye itangazo risaba umugwi w’abasirikare bacungera umutekano w’umukuru w’igihugu gushira ibigwanisho hasi. Iryo tangazo ribasaba kuja mw’ikambi ya gisirikare iri hafi y’ahitwa Place des Nations Unies, hagati mu gisagara ca Ougadougou.

Igisirikare kivuga ko kirindiriye inyishu iza kuva kuri uwo mugwi w’abasirikare bita RSP mumpfunyapfunyo.

Abasirikare baba RSP nibo batembagaje reta mfatakibanza y’abasivili mundwi iheze. Mu myiyerekano yo kwiyamiriza iyo kudeta hapfuye abantu 10, hakomereka abandi barenga 100.

Ejo ku musi wa mungu, akagwi k’intumwa z’abahuza bava mu bihugu vyo mu burengero bwa Afurika katangaje umugambi w’uko abo basirikare bagize iyo kudeta bosubiza ubutegetsi abasivili, bakareka gukurikiranwa n’amategeko.

Muri uwo mugambi, amatora yari yateguwe kuba kw’itariki ya 11 z’ukwezi kwa cumi, yogigwa k’itariki ya 22 z’ukwezi kwa cumin a rimwe

XS
SM
MD
LG