Uko wahagera

Ikibazo cy'Abimukira mu Burayi Ntikirabonerwa Umuti Urambye.


Ibihugu Abimukira Bagenda Banyuramo

Ibihugu Abimukira Bagenda Banyuramo

Minisitiri w’imigenderanire n’ayandi makungu w’igihugu ca Pologne Grzegorz Schetyna amenyesha ko Uburayi bukeneye kuja hamwe bugashinga intumbero imwe y’ingene bagiye guhangana n’ikibazo c’impunzi zihungira kumugabane wa Burayi.

Minisitiri w’imigenderanire wa Pologne Schetyna amenyesha ko umugambi w’ubumwe bwa Burayi wo kugabanganya impunzi ibihumbi 120 atari inyishu irashe mu gutorera umuti ikibazo c’impunzi.

Nkuko vyashikirijwe kur’uyu wa mbere n’ikinyamakuru citwa Politico Europe, Ministre Schetyna yamenyesheje ko ikintu cambere cihutirwa gukorwa n’ibihugu bigize ubumwe bwa Bulaya ni ugushira ku mipaka ibiro bijejwe kugenzura impunzi nyakuri n’ababa baje kwirinderera ubuzima.

Sekereteri wa leta w'Amerika John Kerry ku cyumweru yatangaje ko ubutegetsi bwa Perezida Barack Obama buzongera umubare w'impunzi buzakira. Uwo mubare uzava ku bihumbi 60 uyu mwaka, ushyirwe ku bihumbi 75 umwaka utaha, nyuma mu mwaka wa 2017 Amerika uzatange viza ku mpunzi ibihumbi 85.


XS
SM
MD
LG