Uko wahagera

Amerika Yamaganye Kudeta yo muri Burkina Faso


Leta zunze ubumwe za Amerika imenyesha ko igiye kugerageza kwumvisha abakuru b’akagwi kagize kudeta muri Burkina Faso, gusubiza kubutegetsi reta mfata kibanza yari ihari, bakongera bakareka igihugu kikabandanya kwitegurira amatora.

Icegera c'umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire ya Amerika, kubibazo vyerekeye akarere ka Afurika, Linda Thomas-Greenfield, mukanya kuri uno musi wa gatanu yahaye ikiganiro umunyeshamakuru wa Radio Ijwi rya Amerika.

Thomas-Greenfield yavuze ko atampamvu abasirikare bafise yo kugira iyo kudeta bagafata ubutegetsi, bagahagarika reta ya Burkina Faso yemewe n’amategeko.

Thomas Greenfield yavuze ko Ambasaderi wa Leta zunze ubumwe za Amerika muri ico gihugu kumwe n’abandi bategetsi, baganiriye n’abo basirikare bagize kudeta. Abo basilikare ni abahoze bajejwe umutekano w’uwahoze ari umukuru w’igihugu Blaise Compaore.

Abakuru b’ako kagwi k’abasirikare bagize kudeta kuri uyu musi wa gatanu, bamenyesha ko barekuye umukuru w’igihugu Michel Kafondo nyuma yaho bamufatiye ikiringo c’imisi ibiri, ariko ntibavuze amakuru yerekeye umushikiranganji mukuru Isaac Zida, yafatiwe kumwe n’umukuru w’igihugu haciye imisi ibiri.

XS
SM
MD
LG