Uko wahagera

Jenerali Diendere ni we Muyobozi wa Burkina Faso


General de Brigade Gilbert Diendéré
General de Brigade Gilbert Diendéré

Muri Burkina Faso umukuru w’abasirikare bafashe ubutegetsi ku munsi wa gatatu, yamenyesheje ko Perezida ma Minisitiri w'intebe bameze neza, kandi ko bagiye kurekurwa bakidegemvya.

Jenerali de Brigade Gilbert Diendere yabimenyesheje Ijwi ry’Amerika ku munsi wa kane, haheze umunsi umwe gusa igisirikare gikomboye inzego mfatakibanza z’ico gihugu co muri Afurika yo mu burengero.

Uwo mu Jenerali yatangaje ko igisoda cafashe ubutegetsi kuko inzira ya politiki Burkina Faso yariko iratumbera yarimwo amahinyu.

Yongeye avuga ko agiye gutunganya ibiganiro vya politike, birimwo imigambwe yose, kandi yemera ko azotunganya amatora kw’itariki izokwumvikanwako.

Ayo matora yarategekanijwe gutunganywa kw’itariki cumi n’imwe mu kwezi kw’icumi haheze umwaka Perezida Kompaore akuwe ku butegetsi.

Iyo Leta nfatakibanza yari yakumiriye abari bashigikiye Perezida Compaore mu mugambi yarafise wo guhindura ibwirizwa shingiro kuja mu mahiganwa y’amatora.

Jenerali Diendere ni umuyoboke w’iminsi myinshi wa Perezida yakombowe Compaore, yatwaye Burkina Faso imyaka mirongo ibiri n’indwi.

Ku munsi wa kane umusirikare yasomye itangazo kuri Televiziyo yamenyesheje ko Leta y’infata kibanza yakombowe, ko na Perezida Michel Kafando yahagaritswe mu mabanga yiwe, kandi ko Jenerali Diendere ariwe arongoye Inama y’Igihugu iharanira Demokarasi

XS
SM
MD
LG