Uko wahagera

Abanyaburayi Bahagurukiye Ikibazo cy'Impunzi Zibagana


Impunzi muri Macedoniya
Impunzi muri Macedoniya

Umukuru w’inama nkuru y’ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’iBulaya, Jean Claude Juncker, yateye akamo ivyo bihugu kabisaba guha ubuhungiro impunzi ibihumbi 160, akaba yavuze kw’igihugu c’Ubugereki, Ubutaliyano hamwe na Hongriya, bitagishoboye kwakira izo mpunzi zose.

Mu kiganiro yashikirije uyu musi ku wa gatatu, ari imbere y’inama nshingamateka y’ibihugu vy’ibulaya , umushingantahe Juncker yateye akamo ibihugu vy’ibulaya kabisaba gukorera hamwe mu gutora inyishu z’ico kibazo c’impunzi.

Yavuze kw’umugambi wo guha indaro izo mpunzi mu buryo bwihutirwa, utegerezwa kurangurwa n’ivyo bihugu, ata kugonanwa.

Juncker ariko aratera akamo abashikiranganji bajejwe intwaro yo hagati mu bihugu vy’ibulaya kabasa kwemera umugambi wo guha ubuhungiro izo mpunzi, igihe c’inama y’abashikiranganji bajejwe intwaro yo hagati, itegekanijwe mu ndwi iza.

XS
SM
MD
LG