Uko wahagera

Burundi: Prezida Petero Nkurunziza Yarahiye

  • VOA Africa

Prezida w'Uburundi, Pierre Nkurunziza ariko ararahira mu nyubakwa y'inama nshingamateka, mu Kigobe, ku murwa mukuru, Bujumbura, ku musi wa kane, italiki 20 z'ukwezi kw'umunani

Prezida w'Uburundi, Pierre Nkurunziza ariko ararahira mu nyubakwa y'inama nshingamateka, mu Kigobe, ku murwa mukuru, Bujumbura, ku musi wa kane, italiki 20 z'ukwezi kw'umunani

Prezida w’Uburundi, Petero Nkurunziza, yarahiye ku musi wa kane, italiki 20 z'ukwezi kwa kane, mu mabanga y’ukuyobora Uburundi. Ni mu birori vyabaye, imisi itandatu imbere y’italiki yari yatangajwe na perezidansi

Ibiro vy’umukuru w’igihugu vyari vyabwiye Ijwi rya Amerika, ishami ry’Ikirundi n’Ikinyarwanda, ku musi wa gatatu, ko prezida Nkurunziza yari kurahira kw’italiki 26 z’uku kwezi kw’umunani.

Ikiringo ciwe gishasha c’imyaka itanu caranebaguwe na bamwe, mu kuvuga ko kirenga kw’ibwirizwa shingiro, n’amasezerano y’i Arusha, yarangije ingwano yamaze imyaka cumi n’itatu mu Burundi.

Ingingo ya prezida Nkurunziza mu kwezi kwa kane y’ukorondera gusubira kwitoza, yatumye haba igereragezwa rya coup d’etat, n’imyerekano yamaze indwi zitari nke, aho abantu barenga ijana bapfuye.

Muri ico gihe prezida Nkzurunziza, yagenye ivyegera vyiwe bibiri.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu ni Gaston Sindimwo, mu gihe icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu ari Joseph Butore.

Abo bombi barahiye imbere y’umukuru w’igihugu ku italiki 20 z'ukwezi kw'umunani.

XS
SM
MD
LG