Uko wahagera

Abarundi Basabwa Kugira Ibiganiro Vyihutirwa


President Pierre Nkurunziza
President Pierre Nkurunziza

Intumwa idasanzwe ya reta zunze ubumwe za Amerika mu ntara ya Afrika y’ibiyaga bini yarateye akamo abarundi kabasa kuja mu biganiro mu buryo bwihurirwa.

Ambassaderi Thomas Perrielo yaheruka mu rugendo mur’iyo ntara, avuga ko reta zunze ubumwe za amerika hamwe n’amakungu bishigikiye inzira y’amahoro n’ibiganiro bihagarikiwe n’abategetsi bo mu ntara.

Ako kamo gatewe inyuma y’aho General Adolphe Nshimirimana yahoze arongoye ibiro bijejwe iperereza agandaguriwe bunyamaswa hamwe n’inyuma y’aho Pierre Claver Mbonimpa aharanira agateka ka zina muntu arasiwe, eka n’abasivile batari bake, bakicwa.

Twaraganiye n’abategetsi b’abarundi babiri, Pierre Claver Nahimana, ajejwe ibibazo vya politike mu mugambwe Sahwanya Frodebu hamwe na Gaston Sindimwo, umunyamabanga mukuru w’umugambwe Uprona wemwe n’amategeko, ku bibazo bitandukanye bihanze Uburundi:

Tubatge amatwi:

please wait

No media source currently available

0:00 0:57:16 0:00

XS
SM
MD
LG