Uko wahagera

Amerika Ntizokwemera Amatora ya Perezida mu Burundi


Ku biro by'itora mu ntara ya Ngozi
Ku biro by'itora mu ntara ya Ngozi

Leta zunze ubumwe z'Amerika imenyesheje ko amatora y’umukuru w’igihugu mu Burundi atazokwemerwa.

Leta zunze ubumwe z'Amerika ivuga ko uko ivyamatora biriko biragenda ubu bizotuma ayo matora atemerwa kandi biteko bitukishe leta y’uburundi.

Ayo matora uko ariko arategurwa mu Burundi yaranzwe n’ukuburagiza imigambwe itavuga rumwe na leta n’amashirahamwe ataho yegamiye, kwugara amaradiyo,no kubuza abanyapolitike gukora kumugaragaro.

Ukwitoza kwa perezida Nkurunziza kuri uyu munsi wa kabiri gushobora gutuma iyo leta itemerwa imbere y’abanyagihugu n’amakungu, kandi aciye kubiri n’amasezerano ya Arusha avuga ko atamukuru w’igihugu arenza ibiringo bibiri.

Amerika irashimira akigoro k'akarere na leta ya Uganda yarongoye ibiganiro kugira Abarundi basubize hamwe,leta ikaba yarayavuyemwo.

Leta zunze ubumwe z'Amerika irababajwe kandi n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu yankiye abarorerezi ba Afrika kugira baze kuraba uko amatora ariko aragenda, babuze n’uguhonyanga agateka ka muntu vyibonejekeje murayo matora.

Leta zunze ubumwe z'Amerika iriyemeje kurondera n’ugukwirikirana uwo wese yoza atera umutekeno muke mu gihugu.

Ivyo kubuza abanyagihugu kwitorera mu mwidegemvyo, bizotuma Amerika zisubiramwo kuraba ivyinfashanyo yahora iha Uburundi. Amerika kandi izongera yime uruhusha rwo kwinjira muri Amerika abazoba baratumye umudugararo mu Burundi.

XS
SM
MD
LG