Uko wahagera

Burundi: Itangazo ry'Abanyepolitike Batavuga rumwe na Reta


Uburundi kw'ikarata
Uburundi kw'ikarata

Mw’itangazo ry’imigambwe, n’amashirahamwe ya politik,e mu Burundi, ku vyerekeye itangazo riherutse gushikirizwa n’abaserukira, mu Burundi, ibihugu vya Afrika y’epfo, Kenya, Tanzaniya na Uganda, ku bijanye n'amatora y’abashingamateka, n’abajenama b’amakonini aherutse kuba, mu Burundi, imigambwe itavuga rumwe na Reta imenyesha ko yatangajwe n’ivyashikirijwe n’abaserukira ivyo bihugu, mu Burundi, ku vyerekeye gukwirikirana ivyo, kuribo, ari ibivurwako ari amatora yo kw’italiki 29 z’ukwezi kwa gatandatu mu Burundi.

Ku bwabo, ngw’abaserukira ivyo bihugu mu Burundi, bavuga ko bakwirikiranye ayo matora yagirishijwe na Reta y’I Bujumbura. Ko bakeza Reta y’ burundi y’Uburundi, urwego rw’igihugu rujejwe gutegura ayo matora n’Abarundi kuba bagirishije amatora meza, naho hari ibibazo vyerekeye umutekano n’uburyo buke.

Imigambwe itavuga rumwe na Reta yateye igikumu kuri iri tangazo iriyamiriza ivyatangajwe n’abaserukira ibihugu vya Afrika y’epfo, Kenya, Tanzaniya na Uganda. Bavuga ko gukwirikirana amatora bitari muvyo abaserukira ibihugu vyabo bajejwe mu bisanzwe, cane cane, mu gihe bari mu bihugu biri mu muryango w’ubumwe bwa Afrika inama yawo yafashe inningo zisaba kwigizayo amatora, kugira habe ukwimvikana ku kirangamisi c’amatora.

Batangaza ko binyuranye, mu buryo bugaragara, n’ingingo zinama z’umuryango w’ibihugu vyo mu karere ko muri Afrika yo mu buseruko yabaye kw’italiki 31 z’ukwezi kwa gatanu, n’ingingo z’urwego rujejwe amahoro n’umutekano, ku rwego rw’abakuru b’ibihugu n’ama Reta, yabereye mu gisagara ca Johannesburg, mu gihugu ca Afrika y’epfo, kw’italiki 13 z’ukwezi kwa gatandatu, mu mwaka w’2015.

Imigambwe yateye igikumu kuri iryo tangazo iratangazwa nuko abaserukira ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa Afrika, barenga kuri izo ngingo.

Imigambwe itavuga rumwe na Reta y’Uburundi iriyamiriza yivuye inyuma ibiri mj vyatangajwe n’abaserukira ibihugu vya Afrika y’epfo, Kenya, Tanzaniya na Uganda.

Kubera izo mvo, abateye igikumu kuri iryo tangazo, bemeza kw’amatora ataraba.

XS
SM
MD
LG