Uko wahagera

Burundi: Amerika Iriyamiriza Uburyo Amatora Yakozwemo


US Constitution - We The People
US Constitution - We The People

Ibiharuro vy’intangamarara ku matora y’abajenama b’amakomine n’abashingamateka yo kur’uyu wa 29/06/2015 mu Burundi ntivyihuta gushikirizwa.

Iharurwa ry’amajwi ku biro vy’amatora ntivyihuta bitewe n’imyiyamamazo yabaye hamwe n’abatitavye ayo matora bahurikiye mu migambwe itavugarumwe na Leta. Ayo matora abaye inyuma y’indwi zitari nke hari ukwiyamiriza ukwitoza kwa Perezida Nkurunziza ku kibanza c’umukuru w’igihugu ku kiringo kigira gatatu.

Reta zunzubumwe za Amerika irababajwe n’ingene Leta y’I Bujumbura yatunganije amatora mu gihe ibihe igihugu kirimwo bidatanga icizere c’amatora yemerwa na bose. Irababazwa kandi n’ukuntu abategetsi batumviye akamo ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu vya Afurika, Umunyamabanga mukuru wa ONU ndetse n’ayandi makungu bayiteye basaba ko amatora yogezwa imbere.

Kubw’ivyo, Reta ya Amerika imenyesha ko itazoherekeza ayo matora, kandi ko ibangiriye gutanga imfashanyo ku murwi CENI utegura amatora, ndetse n’imfashanyo ku inyigisho kubanyagihugu batora.

Reta zunzubumwe za Amerika ibandanya isaba Perezida Nkurunziza gushir’imbere inyungu z’abanyagihugu, mu gushir’imbere ibiganiro, no kwubahiriza amasezerano ya Arusha no kubijanye n’ibiringo umukuru w’igihugu yemerewe gutwara.

Reta ya Amerika isaba leta y’Uburundi gusubira mu biganiro n’abanyepolitike, bihagarikiwe n’intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Bathily ndetse n’abandi. Reta ya Amerika isaba abo bose vyega kugira ico bumvikanye kumataliki mashasha y’amatora no gushika ku nyishu y’ibibazo Uburundi burimwo.

Kubera umutekano muke urangwa mu gihugu n’ukudaha akaryo abanyepolitike gukora, harimwo n’amaradiyo yugawe, Reta ya Amerika yifatanije n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afurika mu kutarungika abarorerezi b’amatora. Ngo nta matora y’ubwigenge ashoboka. Yifatanije n’ishirahamwe rya Africa n’Amashirahamwe y’akarere mu gusaba Perezida Nkurunziza kwumviriza akamo bamutera kugira hatorwe umuti w’ibibazo Uburundi burimwo kandi hashoboke ko amatora yegezwa inyuma.

XS
SM
MD
LG