Uko wahagera

Burundi: Gutanga Impapuro z’Inzira


Abantu basaba impappuro z’inzira bagabanutse ugereranije no mu cyumweru gishize mbere y’amatora.

Kubera ubwinshi bw'abantu ivyangombwa vy'inzira ntivyari vyoroshe kuronka kukigo c'igipolisi kijejwe ivy'ikirere n'imbibe PAFE.

Abakozi b'ikigo PAFE barakora gushika mw'ijoro ariko abanyagihugu babagiriza ko hakora ikimenyane, kugirango uronke impapuro z’inzira.

Uwurongoye igipolisi gicungera ikirere n'imbibe amenyeshako agiye gufata nkankama ico kibazo.

Kuri uyu wakabiri ariko abantu bari bagabanutse cane bikabonekako kwari kubera gutinya intureka ishobora gutumwa n'amatora.

Ni inkuru y’umunyamakuru w’Ijwi ry’Amerika Tabitha Mukamusoni

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:51 0:00

XS
SM
MD
LG