Uko wahagera

Burundi: Abanyeshule 200 Barinjiye kuri Ambassade y'Amerika


Uburundi kw'ikarata
Uburundi kw'ikarata

Ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bumenyesha ko hafi y’isaha indwi n’iminuta cumi n’itanu zo ku mutaga, ku musi wa kane, abapolisi b’Uburundi binjiye mu nyubakwa ifatanye na Ambassade ya Amerika, i Bujumbura irimwo abanyeshule bahahungiye kuva ubwicanyi n’uruhagarara bitanguye mu mpera z’ukwezi kwa kane, muri uyu mwaka, muri mairie ya Bujumbura, n’ukuva kamizuza y’Uburundi yugaye.

Abo banyeshule bashwiragiye, bamwe muribo bashoboye kwinjira mu nyubakwa ya Ambassade ya Amerika, aho imodoka zihagarara.

Ijana muribo bari bicaye muri parking ya Ambassade.

Ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika butangaza kw'ata guhangana kwabaye hagati y’abo banyeshule n’igipolisi. Abapolisi ntibakoresheje inguvu, ntibarashe canke ngo bakoreshe imyuka ibabaza mu maso. Hari abanyashsule bane bakomeretse buhoro.

Ubuserukizi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika buvuga kw'ata numwe yagize ico aba mu bakozi babwo.

Ambassade ya Amerika yategetse Reta y’Uburundi gutorera inyishu ikibazo c’abo banyeshule biciye mu mahoro.

XS
SM
MD
LG