Uko wahagera

Ikirangamisi Gishasha C’Amatora Mu Burundi


Electoral voter cards are distributed in the capital Bujumbura, Burundi, Thursday, June 4, 2015.
Electoral voter cards are distributed in the capital Bujumbura, Burundi, Thursday, June 4, 2015.

Ku musi wa gatatu, igenekerezo rya 10 ry’ukwezi kwa gatandatu, president Pierre Nkurunziza, yarateye igikumu ku ngingo ishinga ikirangamisi gishasha c’amatora.

Amatora y’abajenama b’amakomine hamwe n’amatora y’abashingamateka, ategekanijwe kw’igenekerezo rya 29 ry’ukwezi kwa gatandatu; amatora y’umukuru w’igihugu, ategekanijwe kw’igenekerezo rya 15 ry’ukwezi kw’indwi, mu gihe amatora y’abakenguzamateka ategekanijwe kw’igenekerezo rya 24 ry’ukwezi kw’indwi.

Twobibutsa ko kw’igenekerezo ry’umunai ry’ukwezi kwa gatandatu, umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora, wari washikirije ikirangamisi c’amatora kivuga kw’uyo murwi wipfuza gutunganya amatora y’abajenama hamwe n’amatora y’abashingamateka kw’igenekerezo rya 26 ry’ukwezi kwa gatandatu, amatora y’umukuru w’igihugu nayo akaba kw’igenekerezo rya 15 ry’ukwezi kw’indwi, mu gihe amatora y’abakenguzamamateka yoba kw’igenekerezo rya 24 ry’ukwezi kw’indwi.

Abanyapolitike bo mu Burundi ntibabona co kimwe ico kirangamisi:

President Sylvestre Ntibantungnaya yahoze arongoye Uburundi avuga kw’umurwi CENI utagifise uburenganzira bwo gutunganya amatora kuko, babiri mu bari bawugize bawuye

please wait

No media source currently available

0:00 0:07:20 0:00

Umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora wewe, Pierre Claver Ndayicariye avuga kw’abanyapoltike batavuga rumwe na reta, basomye amategeko ya kera, ngo kuko abantu batatu bakiri mur’uyo murwi, bafise uburenganbiza bwo kurangura umurimo wabo

please wait

No media source currently available

0:00 0:06:05 0:00

XS
SM
MD
LG