Uko wahagera

Ikirangamisi c'amatora carashikirijwe n'Urwego CENI mu Burundi


Uburundi kw'ikarata
Uburundi kw'ikarata

Urwego rw’igihugu rujejwe amatora mu Burundi rwashikirije ikirangamisi c’amatora aho amatora y’abashsingamateka yoba kw’italiki 26 z’ukwezi kwa gatandatu, agakwirikirwa n’amatora y’umukuru w’igihugu kw’italiki 15 z’ukwezi kw’indwi, mu gihe amatora y’abakenguzamateka yoba kw’italiki 24 z’ukwezi kw’indwi.

Amatora y’umukuru w’igihugu yari yategekanijwe imbere yaho kw’italiki 26 z’ukwezi kwa gatandatu. Umuhanuzi mukuru wa prezida w’Uburundi, Willy Nyamitwe, yabwiye Ijwi arya Amerika, Service y’Ikirundi n’Ikinyarwanda, ko prezida ategerezwa gutera igikumu ku mataliki yashikirijwe.

Amenyesha ko hari ibintu bitoyi bishobora guhundurwa ku mataliki, akamenyesha ko Reta iriko iganira ivyashikirijwe n’urwego CENI, n’abayoboye abatavuga rumwe na Reta, n’abayoboye amashirahamwe adaharanaira ivyicaro vya politike.

Bamwe mu bayobozi b’abtavuga rumwe na Reta, bamenyesha kw’urwego rw’igihugu rujejwe amatora rudafise ububasha buciye mu mategeko bw’ukugira ivyo butangaje, ku bijanye n’ikirangamisi c’amatora, kubera babiri mu bagize urwo rwego babonwa ko bahunze igihugu.

XS
SM
MD
LG