Uko wahagera

Burundi: imigambwe 16 itavuga rumwe na Leta Yanze Intumwa ya ONU


Intumwa y'ishirahamwe O-N-U, Said Djinnit

Intumwa y'ishirahamwe O-N-U, Said Djinnit

Abo banyepolitike bandikiye umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon bamusaba kubarungikira uwundi muhuza.

Mu Burundi imigambwe 16 itavuga rumwe n'ubutegetsi iriyamiriza intumwa idasanzwe ya ONU mu karere k'ibiyaga binini Ambassadeur Saïd Djinnit. Bamwagiriza ko atatanze icegeranyo mubo vyega akaja kubivugira mu nama y'abakuru b'ibihugu iheruka kubera Tanzaniya.

Frederiko Bamvunginyumvira icegera c'uwurongoye umugambwe sahwanya frodebu avugako Ambasaderi Saïd Djinnit yashigikiye ikiringo ca gatatu ca president Nkurunziza i dar es salaam kuwa 31 rusama. Abo banyepolitike bandikiye umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon bamusaba kubarungikira uwundi muhuza.

iyo migambwe yandikiye umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon imenyeshako ambassadeur Said Djinnit yafashe icegeranyo c'ibiganiro bagiranye n'abovyega akimenyesha abakuru b'ibihugu bo mu karere ka Afrika y'ubuseruko mu nama yabereye dar es salam muri Tanzaniya ku wa 31 rusama 2015 abari murivyo biganiro ataco aberetse.. iyo ntumwa idasanzwe ya ONU mu karere k'ibiyaga binini yagirizwa kandi ko yashigikiye ikiringo ca gatatu ca president Nkurunziza muriyo nama yabereye Tanzaniya. bamwagiriza ko akora nk'intumwa ya prezida Nkurunziza aho gufasha impande zibiri zishaka kwumviikana.

Frederiko Bamvunginyumvira, icegera c'uwurongoye umugambwe Sahwanya Frodebu umwe mu migambwe yashize umukono kur'urwo rwandiko avugako bifuza uwundi mwunganirizi gurtyo ibiganiro bishobore kubandanya.

Agathon Rwasa arongoye FNL yigenga nayo nyene yashize umukono kur'urwo rwandiko abonako ata ngorane zihari kandi ngo n'ibisanzwe mugihe abari mu biganiro berekanye ko batishimiye uwujejwe kubafasha kuganira ati bamuhinduye bituma ibiganiro bigenda neza.

ku ruhande rw'ubutegetsi bw'i Bujumbura, biratanganje kubona abantu banka umuntu yaraje kubafasha. Willy Nyamitwe umuhanuzi mukuru ajejwe ivyo kumenyesha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu ati Said Djinnit s'umuhuza ariko yaje mu kazi kiwe ko gufasha murivyo biganiro vyari bisanzwe bikorwa hagati y'aberwa n'amatoro bose.

Mu mugambwe uri k'ubutegetsi CNDDFDD usanzwe uri murivyo biganiro ntibahakana ko iyo ntumwa idasanzwe y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k'ibiyaga binini atigeze atanga icegeranyo c'ibiganiro bakoze.

Gelase Ndabirabe umuvugizi w'uwo mugambwe ntabona igituma Djinnit yari gutanga icegeranyo c'ibiganiro kurabo banyepolitike kandi ataribo bamutumye ati ahubwo icegeranyo yategerezwa kugiha abamutumye ako kazi ko kwunganira abo berwa n'amatora.

XS
SM
MD
LG