Uko wahagera

Ku bwa Amerika, Ikiringo ca Gatatu ca Prezida Petero Nkurunziza Giciye Kubiri n'Amasezerano y'i rusha.


Bujumbura kw'ikarata
Bujumbura kw'ikarata

Ambassade ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu Burundi imenyesha kw’ibandanya gusaba prezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza, guheba ingingo yiwe y’ukwitoza mu kiringo ca gatatu, ingingo yatumye haba imyiyerekano yihaye inkumbi kuva atangaje, mu kwezi kwa kane, kw’azosubira kwitoza mu kindi kiringo.

Ambassade ya Amerika i Bujumbura, imenyesha kw’imigambi ya prezida Nkurunziza, inyuranye n’amasezerano ya Arusha yarangije imyaka itari mike y’ubwicanyi mu Burundi, kandi kw’ivyo bishobora kugeramira umutekano washitsweko bitoroshe, inyuma y’ingwano yateye amarira mu gihugu.

Itangazo rya Ambassade ya Amerika rivuga kw’ibikenewe kugira habe amatora yigenga, abera ku mugaragaro kandi yizigiwe bitari, muri iki gihe mu Burundi, kubera abanyepolitike batavuga rumwe na Reta batagira aho bavugira, itangazamakuru ryigenga ryugawe, mu gihe Reta yishuye n’inguvu z’umurengera n’ubwicanyi ku bari mu myiyerekano, kandi hari amakuru abandanya avuga ku bwicanyi n’ugutera ubwoba abantu bigirwa n’imikangara yitwaje ibirwanisho.

Muri ico gihe, ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U, rimenyesha ryatanze imiliyoni cumi na zitanu z’amadolari y’infashanyo zigenewe Urwanda na Tanzania, kugira bifashe impunzi ziva mu Burundi.

Ishirahamwe O-N-U, rivuga ko impunzi zirenga ibihumbi mirongo irindwi ibice mirongo itandatu kw’ijana vyabo ari abana, zarahunze umurwa mukuru w’Uburundi, Bujumbura kuva imyiyerekano Itanguye mu kwezi kwa kane.

XS
SM
MD
LG