Uko wahagera

Abategetsi 14 b'Ishirahamwe FIFA Barafashwe mw'Itohoza ku Biturire


Bamwe mu bategetsic b'ishirahamwe FIFA bahagaritswe, ku musi wa gatatu, italiki 27 z'ukwezi kwa gatanu, bagirizwa kurya ibiturire
Bamwe mu bategetsic b'ishirahamwe FIFA bahagaritswe, ku musi wa gatatu, italiki 27 z'ukwezi kwa gatanu, bagirizwa kurya ibiturire

Umushikirizamanza kizigenza wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Loretta Lynch, yatangaje kw’ibinyoma, na ruswa vyaranze bikomeye ishirahamwe rijejwe umupira w’amaguru kw’isi, FIFA mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri.

Ivyo Loretta Lynch yabitangaje, ku musi wa gatatu, mu kiganiro yabaye abamenyeshamakuru, i New York, mu gihe ivyaha vyashirwa ahabona ku bantu cumi na bane mw’itohoza rikomeye ryerekeye ishirahamwe FIFA.

Umushikirizamanza kizigenza wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Loretta Lynch, yavuze kw’ivyo vyagirizo vya ruswa ku bategetsi bakomeye b’ishirahamwe FIFA, vyageramiye bikomeye abantu batari bake.

Amenyesha ko kuva mu mwaka w’1991, abategetsi b’ishirahamwe FIFA, bishimikije amabanga bari bajejwe, kugira bakire ibiturire vy’imiliyoni n’imiliyoni y’amadolari.

Abategetsi cumi na bane b’ishirahamwe FIFA begetsweko ivyaha vya ruswa n’ubushikiranganji bujejwe ubutungane bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Abashikirizamanza bavuga kw’abo bategetsi bakiye ibiturire vy’amafranga arenga imiliyoni ijana na mirongo itanu, mu kiringo c’imyaka mirongo ibiri n’ine.

Abategetsi mu gisagara ca Zurich, bahagaritse abategetsi indwi b’ishirahamwe FIFA, ku musi wa gatatu, mu kurindira kubashikiriza Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umuyobozi mukuru w’ibiro bijejwe gukwirikirana inkozi z’ikibi muri Amerika FBI, James Comey, yatangaje kw’iyo nyifato yacitse uburyo busanzwe bw’ugukora mw’ishirahamwe FIFA.

XS
SM
MD
LG