Uko wahagera

Burundi:Umuyobozi w’umugambwe, UPD-Zigamibanga, Zedi Feruzi yarishwe Arashwe


Inshuti n'abagenzi bakoraniye iruhande y'ikiziga ca Zedi Feruzi, yari ayoboye umugambwe, UPD,i Bujumbura
Inshuti n'abagenzi bakoraniye iruhande y'ikiziga ca Zedi Feruzi, yari ayoboye umugambwe, UPD,i Bujumbura

Umuyobozi w’umugambwe utavuga rumwe na Reta mu Burundi, UPD-Zigamibanga, Zedi Feruzi, yishwe arashwe mu mu mutwe n’abantu bataramenyekana i Bujumbura.

Ivyabona bavuga ko Zedi Feruzi, ayoboye umugambwe UPD, n’umwe mu bacungera ubuzima bwiwe bishwe, ku musi wa gatandatu muri Komine Ngagara, quartier ya kane, ku metero cumi zo ku rugo iwe, mu gisagara ca Bujumbura. Abandi babiri barashwe bariko baravurwa.

Uwundi yakomerekejwe n’abagize ico gitero, ni Jean-Baptiste Bireha, umumenyeshamakuru wa Bonesha FM.

XS
SM
MD
LG